Uko wahagera

Abimukira 30 Baburiwe Irengero Muri Mediterane


Migration Italy
Migration Italy

Abasirikare b’Ubutaliyano bakizura inkengera z’ibahari bavuze ko abantu 30 baburiwe irengero, abandi 17 baratabarwa, mw’ibahari Meditarene kuri uyu w’Imana. Hari inyuma y’aho ubwato barimwo bavuye muri Libiya bwibira mu mazi yarimwo imipfunda myinshi.

Abo basirikare bavuze ko amato abiri yagiye muri ako karere gufasha mu bikorwa vyo gutabara.

Mu gatondo ko kuri uyu w’Imana, ubwato bw’abagiraneza bwiswe Mediterranea Saving Humans charity, bwanditse ku rubuga Twitter ko ubwo bwato bwariko bwerekeza mu Butariyano. Bwazamye bushitse ku kirere c’ibirometero 177 mu buraruko bushira uburengero bwa Benghazi muri Libiya.

Ubutaliyano busa n’uburiko burarengerwa n’ikibazo c’abimukira. Ni inyuma y’aho kw’itariki ya 26 z’ukwa kabiri, ubwato bukozwe mu mbaho bushwanyagutse mu ntara ya Calabria, hapfa abantu hafi 79.

Ku musi wa gatandatu, abasirikare b’Ubutaliyano bacungera imbibe z’amazi bavuze ko batabaye abimukira barenga 1.300 mu bumanuko bw’igihugu, abandi 200 batabarirwa mw’izinga rya Sisile.

Abantu 17.600 ni bo bamaze gushika mu Butaliyano gushika aho umwaka ugeze ubu, ugereranije n’abashika 6.000 binjiye muri iki kiringo nyene mu 2022. Abaharurwa mu majana kandi barapfuye bariko bagerageza kujabuka ibahari Mediterane no kuja ku mugabane wa Buraya. (Reuters)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG