Uko wahagera

Abimukira 39 Bari Batumbereye muri Amerika Bapfiriye mw'Isanganya muri Panama


Ahabareye isanganya rya bisi yari itwaye abimukira i Gualaca, muri Panamá, kw'itariki ya 15/02/2023
Ahabareye isanganya rya bisi yari itwaye abimukira i Gualaca, muri Panamá, kw'itariki ya 15/02/2023

Abantu bashika kuri 39, bagwiriyemwo abimukira batagira ivyangombwa barapfiriye mw’isanganya rya bisi mw’izinga rya Panama mu gatondo ko kuri uyu wa gatatu. Abategetsi ba Panama bavuga ko abo bimukira bari mu rugendo berekeza muri Reta zunze ubumwe za Amerika.

Igisata kijejwe abasohoka n’abinjira muri Panama cavuze ko abakomeretse, barimwo n’abana bariko baravurirwa mu bitaro, ariko nta gitigiri cabo yatanze. Abategetsi batwara ico gisata bavuze ko iyo bisi yarimwo abimukira 66 igihe yasekana n’iyindi bisi, ku birometero 400 mu burengero bw’umurwa mukuru Panama City.

Iryo sanganya ryabaye barenganye ishamba riri ku rubibe na Colombiya, bariko berekeza muri Costa Rica, imbere yo gushika muri Mexique, batumbereye guhereze urugendo muri Amerika.

Ibihugu bamukamwo ntivyatangajwe ariko umushikiranganji wa Cuba ajejwe imigenderanire n’ayandi makungu, Bruno Rodriguez yanditse ku rubuga Twitter ko abanyagihugu biwe bari mu bapfuye.

Abajejwe igisata c’abinjira n’abasohoka bavuze mu kwezi kwa mbere ko ibitigiri vy’abimukira bashika muri Panama batumbereye gushika Amerika biyongereye hafi kabiri mu mwaka wa 2022, bashika ku 248,000. Abarenga ica kabiri bava muri Venezuela, abandi barimwo abo muri Ekwateri, Haiti na Cuba, hamwe n’abavuye muri Afrika na Aziya. (AFP)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG