Uko wahagera

Grandi wa HCR Asaba Ibihugu Kwakira Impunzi Nkuko Bakiriye Abanya Ukraine


Filippo Grandi
Filippo Grandi

Umutegetsi mukuru w'ishami ry'ishirahamwe ONU ryitaho impunzi kw'isi, HCR, Filippo Grandi yatangaje ko uburyo ibihugu vyo ku mugabane w'Ubulaya vyakiye imiliyoni n'imiliyoni y'abanya Ukraine bariko bahunga ibitero Uburusiya bwakoze mu gihugu cabo, vyerekanye ko kwakira ibitigiri binini vy'abasaba ubuhungiro ari ibintu bishoboka.

Grandi avuga ko vyotegerezwa gukwirikizwa mu kwakira abariko bahunga ibindi bihugu.

Mu kiganiro yahaye itororokanirizo ry’amakuru ryo muri Amerika, Associated Press, Filippo Grandi yavuze ko uburyo abanyabulaya bavyifashemwo ku vyerekeye Abanya Ukraine barondera ubuhungiro, bikwiye kuba akarorero ku bandi baba bariko basaba ubuhinguro.

Biratandukanye bikomeye n’ukuntu ibihugu vy’i Bulaya mu myaka vyavyifashemwo mu kwankira abimukira baturutse muri Afrika no mu buseruko bwo hagati bw’isi, bariko basaba ubuhungiro.

Bamwe mu bategetsi bo mu bihugu vy’i Bulaya barondeye gutandukanya ikibazo c’Abanya Ukraine n’izindi mpunzi, ivyo Grandi avuga ko ari ikumira rifatiye ku rukoba.

Ntabona igituma uburyo ivyo bihugu vyakiye ibitigiri vyinshsi cane vy’Abanya Ukraine bitokoreshwa ku bandi bantu baje kurondera ubuhungiro i Bulaya.

Filippo Grandi ntiyibaza ko imigambi y’amareta y’i Bulaya ubwayo ikumira bifatiye kw’ibara ry’urukoba. Yamara yavuze ko ivyatangajwe na bamwe mu banyapolitike vy’uko abanya Ukraine arizo mpunzi z’ukuri, abandi ataribo, vyerekanya ikumira rifatiye kw’ibara ry’urukoba.

Grandi aremera ko ico kibazo kitoroshe, ko bamwe mu bariko batera bagana akarere k’Ubulaya ari abimukira bahunga ibibazo bijanye n’ubutunzi mu bihugu baba baje baturukamwo. Yamara amenyesha ko uburyo bwiza bwo kwihweza ubuhingiro baba basaba, buhari

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG