Uko wahagera

Abimukira 73 Bashobora Kuba Baguye mw'Ibahari ya Mediterane


Irengero ry'abimukira batari musi 73 ntirizwi, bakaba babonwa ko bapfuye inyuma y'uko ubwato barimwo buzamye mu mazi y'ibahari Mediterane hafi y'igihugu ca Libiya.

Ishirahamwe mpuzamakungu rikwirikirana abimukira ryatangaje iyo nkuru uno musi ku wa gatatu ku rubuga rwayo rwa Twitter. Abantu indwi barokotse barashoboye gushika ku butaka bwa Libiya. Iryo shirahamwe rivuga ko ubwo bwato bwagize isanganya bwari butwaye abantu bagera kuri 80, bavurwa ko bari bavuye ahitwa Qasr Alkayar, mu buseruko bw’umurwa mukuru wa Libiya, Tripoli, bagana umugabane.

Gushika ubu, ibiziga vy’abantu 11 biramaze gutorwa n’abakozi b’ishirahamwe rijejwe gutabara, “Croix Rouge” hamwe n’igipolisi co muri Libiya, mu gihe abantu 7 barokotse bari mu bitaro. Libiya ni igihugu abimukira barondera gushika ku mugabane w’Uburaya bacamwo cane. Barashobora gushika kuri uwo mugabane baciye mu bugararwa bwa Sahara no mu mazi y’ibahari Mediterane. (REUTERS)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG