Uko wahagera

Umugambi wo Kurungika Abimukira b'Ubwongereza mu Rwanda Uracarimwo Inzitizi


Bamwe mu biyamiriza ko Ubwongereza burungika abimukira babwo mu Rwanda
Bamwe mu biyamiriza ko Ubwongereza burungika abimukira babwo mu Rwanda

Sentare nkuru y’I Londres mu Bwongereza yatanze uruhusha rw’iyunguruzwa ry’urubanza ku ngingo ya Reta yo kurungika mu Rwanda abimukira bashitse ku butaka bw’ico gihugu biciye mu nzira zinyuranye n’amategeko.

Uwuburanira ishirahamwe, Asylum Aid, rifasha impunzi rikaba ridashigikiye ko bamwe mu bimukira bo mu Bwongereza barungikwa mu Rwanda, yavuze ko bakiriye neza ingingo ibarekurira kubandanya kwanka uwu mugambi biciye mu mategeko.

Ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu Bwongereza ku rundi ruhande, bwatangaje ko butadohoka kuri uwo mugambi wo kunyinyurana n’abinjira muri ico gihugu baciye mu nzira zitemewe n’amategeko.

Umuvugizi w’ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu Bwongereza yagize ati: “ Umuntu wese yinjiye ku butaka bw’Ubwongereza biciye mu nzira zinyuranye n’amategeko, abwirizwa kurungikwa mu Rwanda, aho azofashirizwa mu buzima bwiwe bushasha. Turiteguye kuzoburana ku yindi ncuro.”

Indege ya mbere yari gutwara abimukira bo mu Bwongereza mu Rwanda, yasibijwe mu kwezi kwa gatandatu uno mwaka, biturutse ku gisata kiraba ivy’agateka ka zina muntu mu muryango w’ubumwe bwa Buraya cabangamiye ku munota wa nyuma uwo mugambi.

Inyuma yaho, ubutungane bw’Ubwongereza bwaremeje ko umugambi wo kurungika abimukira mu Rwanda wubahirijhe amategeko, ariko buza kongera kubangamirwa n’umurwi w'abasubiye kwitwarira iyo ngingo.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG