Uko wahagera

UK: Sunak na Truss Bashigikiye ko Abimukira Bimurirwa mu Rwanda


I Bubamfu: Truss, i buryo: Sunak
I Bubamfu: Truss, i buryo: Sunak

Abakandida babiri bariko bahiganira kuja mu kibanza c’umushikiranganji wa mbere w’Ubwongereza, batangaje ko imigambi yabo ya mbere irimwo uguhangana n’abimukira baca mu nzira zinyuranye n’amategeko. Uko ari babiri, bose bameje ko bashigikiye umugambi wa Reta wo kurungika bamwe mu bimukira mu Rwanda.

Rishi Sunak yahoze ari umushikiranganji w’ubutunzi, na Liz Truss umushikiranganji w’imigenderanire y’Ubwongereza n’ayandi makungu ni bo bariko bahiganira intebe y’umushikiranganji wa mbere mu Bwongereza. Ni inyuma yaho Borris Johnson yeguye.

Truss, ahabwa amahirwe menshi yo kuzosubirira Johnson yavuze ko azoshimikira cane ku gukorana imigambi itandukanye n’ibihugu biri mu nzira y’iterambere, birimwo u Rwanda, yongere yongereze inteko zicungera umutekano w’imbibe kugera ku bice 20%.
Bitegekanijwe ko uwuzosubirira Borris Johnson amenyekana bitarenze igenekerezo rya gatanu ukwezi kw’icenda.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG