Uko wahagera

Abahitanywe na Nyamugigima muri Siriya na Turukiya Barenze Ibihumbi 24


Inyubakwa yasenyuwe na nyamugigima muri Turukiya
Inyubakwa yasenyuwe na nyamugigima muri Turukiya

Ivyizere vy’uko hari aboba bagihumeka inyuma y’iminsi babomokeweko n’inyubakwa zasenyuwe na nyamugigima yumvikanye muri Siriya na Turukiya ku munsi wa mbere w’ino ndwi bitera bigabanuka.

Abanyuma barokowe ejo ku wa gatanu bari abo mu ntara yitwa Hatay iri mu maj’epfo ya Turukiya. Bari barimwo umuvyeyi n’umwana wiwe w’amezi atandatu.

Ibitigiri bitangwa n’abategetsi bo muri Siriya na Turukitya muri rusangi vyerekana ko abamaze kumenyekana ko bahitanywe n’iyo nyamugigima barenze ibihumbi 24. Iyi nyamugigima, ni yo ya mbere ihitanye benshi kw’isi yose kuva mu 2011. Ije ikurikira iyahitanye muri uwo mwaka wa 2011 ababa ibihumbi 20 mu Buyapani.

Abanyagihugu bo muri Turukiya bagiriza reta yabo ko yakweze amaguru mu kubatabara: Ku ncuro ya mbere, prezida w’ico gihugu, Recep Tayyip Erdogan, yemanze ko vy’ukuri abatabara batevye; yavyemangiye mu ntara yitwa Adiyaman yari yagendeye ejo ku wa gatanu.

Yagize ati: “ Naho twarungitse abantu benshi gutabara, ibikorwa vy’ubutabazi ntibiriko birihuta nkuko twavyipfuza.”

Ku ruhande rwa Siriya, prezida w’ico gihugu ntarashika mu bibanza vyasinzikajwe n’iyo nyamugigima. Nta n’ijambo rihumuriza abanyagihugu arashikiriza. Ejo ku wa gatanu ariko ku ncuro ya mbere be na madamu wiwe baregendey ibitaro birimwo abarokotse.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG