Uko wahagera

Nyamugigima muri Turukiya Imaze Guhitana Abarenga 3700


Abanyagihugu hamwe n'abatabara bariko barondera abapfuye hamwe n'abagihema mu bibomoke vy'amazu inyuma ya nyamugigima i Besnaya mu ntara ku rubibe rw'intara ya Idlib na Turukiya, kw'itariki ya 6-02-2023
Abanyagihugu hamwe n'abatabara bariko barondera abapfuye hamwe n'abagihema mu bibomoke vy'amazu inyuma ya nyamugigima i Besnaya mu ntara ku rubibe rw'intara ya Idlib na Turukiya, kw'itariki ya 6-02-2023

Abahitanywe na nyamugigima yabaye muri Turukiya na Siriya mu bucagucagu bwo kuri uyu wa mbere biyongereye gushika ku barenga 3700. Abategetsi bavuga ko abandi baharurwa mu majana bashobora kuba bakiri mu bibomoke vy’amazu.

Igice ca Gaziantep, hafi y’urubibe na Siriya nico catanguye gusinzikara, gikurikirwa n’iyindi yumvikanye ku birometero hafi 100 mu buraruko mu masaha y’inyuma ya sa sita.

Ku mpande zose z’urubibe, abanyagihugu bashwabadukiye hanze mu mbeho, imvura n’uburura rwa neje rwazindutse rurwa. Amazu menshi yasambutse.

Prezida wa Turukiya, Recep Tayyip Erdogan, yavuze ko amazu arenga 2800 yasenyutse. Prezida Erdogan yavuze kandi ko abapfuye n’abakomeretse bashobora kwiyongera mu gihe abatabara bakibandanya gukura ibibomoke vy’amazu yasambutse.

Prezida wa Reta zunze ubumwe za Amerika, Joe Biden yavuze ko yategetse ko Amerika igira ico ikoze mu buryo bwihuse, mu kurungika abaja gufasha kurondera aborokorwa no gufasha abataye ingo zabo.

Ubumwe bwa Buraya nabwo bwavuze ko bwarungitse muri ako karere abatabara bavuye muri Bulgariya, Krowasiya, Cekosovakiya, Ubufaransa, Ubugiriki, Hongiriya, Malta, Ubuholande, Polonye na Rumaniya.

Prezida w’Ubufaransa, Emmanuel Macron, Shanseliye w’Ubudagi, Olaf Scholz hamwe n’umushikiranganji wa mbere w’Ubwongereza, Rishi Sunak bose bavuze ko amareta yabo yiteguye gufasha abakozweko n’iyo nyamugigima. (AP, AFP)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG