Uko wahagera

Abahitanywe na Nyamugigima muri Siriya na Turukiya Barenze Ibihumbi 17


Hamwe mu hasinzikajwe na nyamugigima
Hamwe mu hasinzikajwe na nyamugigima

Abahitanywe na nyamugigima muri Siriya na Turukiya barenze ibihumbi 17. Abategetsi muri Turukiya bemeza ko abamaze kumenyakana ko bahitanywe na nyamugigima yumvikanye muri ico gihugu mu ntango z’ino ndwi barenga ibihumbi 14, abakomeretse barenze ibihumbi 63, mu gihe abatatangajwe ibitigiri atawuramenya irengero ryabo.

Ku ruhande rwa Siriya, iyo nyamugigima yahitanye abarenga 3100 nkuko ibiharuro biva muri Reta bivyemeza. Abanyagihugu muri Siriya no muri Turukiya, basa nkabariko bata agashavu ku butegetsi bwabo, babwagiriza gukwega amaguru mu bikorwa vy’ubutabazi.

Umwe mu banyagihugu bo mu ntara yitwa Hatay, iri mu bumanuko bwa Turukiya yabwiye igisata c’Ijwi ry’Amerika muri Turukiya ati: “ Ndatahura ko bashobora kumara amasaha 10 bataraza kudutabara, ariko kumara imisi ibiri bataraduseruko ntivyumvikana. Nta n’amazi dufise yo kunwa.” Umugore n’abana babiri b’uwo munyagihugu yidogeye kuri micro z’Ijwi ry’Amerika bari mu babomokeweko n’inyubakwa yasenyutse.

Muri rusangi, Turukiya yarungitse abajejwe gutabara bagera ku bihumbi 110 mu ntara zasinzikajwe na nyamugigima, bakaba bariko basahirizwa n’ibimodoka bivanaho ibibomoke bigera ku 5500. Prezida wa Turukiya, Recep Tayyip Erdogan, agendera intara ya Gaziantep iri mu zakozweko cane n’iyo nyamugigima yasiguye ko atahura aghashavu k’abasanga ibikorwa vy’ubutabazi bigenda bukebuke, ariko avuga ko Ibiza nk’ivyo bigoye kuvyitegurira kandi ko n’ibihe vy’imbeho ico gihugu kirimwo bitavyorosha.

Abajejwe gutabara ubwabo bariyemerera ko hari abo basanga bagihumeka batakamba basaba gutabarwa, ariko bikanka ingene babavana munsi y’ibibomoke. Uwutabara yagize ati: “ Hari nk’uwo numvise avuga ati Papa ntabara.. ariko, ntaco nari kubikorako.” Amwe mu majwi aba ataka, twihebura iyo tutakiyumva avuga.

Nyamugigima yumvikanye ku wa mbete muri Siriya na Turukiya ni yo ya mbere ihitanye benshi kw’isi yose inyuma y’iyahitanye abagera ku bihumbi 20 mu Buyapani mu mwaka wa 2011. Hagati aho, Turukiya irabandanya ikiriyo c’iminsi indwi cashinzwe na Prezida Tayip Erdogan. Ni mu gihe igihugu cashizwe mu bihe bidasanzwe vy’amezi atatu. Ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho ibiribwa kw’isi, PAM, ryavuze ko rikeneye vyihuta imiriyoni 46 z’amadorali yo gufasha abanyagihugu ba Siriya na Turukiya.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG