Uko wahagera

Abishwe na Nyamugigima muri Turukiya na Siriya Bageze ku 7200


Turkey Syria Earthquake
Turkey Syria Earthquake

Abajejwe gutabara muri Turukiya na Siriya barabandanya ibikorwa vyo kurondera aboba bagihema mu bibomagurike vy’amazu yasenyuwe na nyamugigima yaciye muri ako karere ku musi wa mbere. Gushika ubu abamaze kumenyekana ko bapfuye barenga 7,200 muri rusangi muri ivyo bihugu bibiri.

Umuyobozi mukuru wa OMS, Tedros Adhanom Ghebreyesus yavuze ko yifatanije n’abanyagihugu bo muri ivyo bihugu mu bihe vy’akaga n’imibabaro barimwo. Mw’ijambo yashikirije ari i Geneve ku cicaro ca OMS, Tedros yavuze ko ishirahamwe arongoye ryarungitse indege yuzuye imiti izogaburwa n’ivyo bihugu bibiri.

Ikigo co muri Turukiya kijejwe kugarukira ku bahuye n’ivyago cavuze ko kiriko gikoresha amabarabara n’indege kugira gishikane ibikoresho n’imfashanyo mu bice vyasinzikajwe na nyamugigima. Utu twigoro turiko kandi turafashwamwo n’amareta hamwe n’ibigo mvamakungu vyarungitse abatabara hamwe n’uburyo butandukanye muri ako karere.

Abategetsi muri Turukiya bavuze kuri uyu wa kabiri ko abantu barenga 5,400 bapfuye ku ruhande rwayo n’abandi 15,000 bakomeretse. Bavuze ko abandi barenga 7,800 bashoboye gutabarwa kandi amazu hafi 6,200 yasenyutse.

Reta ya Siriya nayo yatangaje abashika 1,800 bapfuye n’abashika 3,500 bakomeretse.

Prezida wa Turukiya Recep Tayyip Erdogan yashinze imisi indwi y’ikigandaro mu gihugu cose hamwe n’amezi atatu intara 10 zasinzikaye zizoguma ziri mu bihe yise ivyo gutabarwa bidasanzwe. (AP, AFP, Reuters).

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG