Uko wahagera

Abahitanywe na Nyamugigima muri Siriya na Turukiya Barenze Ibihumbi 11


Zimwe mu nyubakwa zasenyutse
Zimwe mu nyubakwa zasenyutse

Abihatanywe na nyamugigima yumvikanye ku munsi wa mbere muri Siriya no muri Turukiya barenze ibihumbi 11. Ibikorwa vyo kurondera aboba barabomokeweko n'inyubako zitandukanye muri Turukiya biriko biba mu gihe imbeho ibandanya kwiyongera.

Mu kiganiro mugenzi wacu umumenyeshamakuru w'Ijwi ry'Amerika, Diane Nininahazwe, yagiranye na Sabria Samir Kaze, Umurundikazi yiga mu gisara ca Gaziantep kiri mu vyasinzikajwe n'iyo nyamugigima, yamusiguriye ko hari amazu akibomoka kubera imigaga yasigiwe n'iyo nyamugigima. Sabria Samir Kaze yaganiriye n'Ijwi ry'Amerika ari mu rugendo rw'imodoka rw'amasaha ashobora kugera kuri 12 , yafashe agerageza kuja i Ankara ku murwa mukuru.

Ubuhamya bwa Sabria Samir Kaze Aba mu Gisagara Casinzikajwe na Nyamugigima ya Turukiya
please wait

No media source currently available

0:00 0:04:54 0:00

Umumenyeshamakuru w'Ijwi ry'Amerika Diane Nininahazwe yavuganye kandi na Ambasaderi Gerard Bikebako aserukira Uburundi muri Turukiya, amubwira ko amakuru ambasade ifise bafise kugera ino saha yerekana ko Abarundi bari mu bisagara bitandukanye barokotse.

Ubuserukizi bw'Uburundi Bwiteguriye Gufasha Abarundi Baba Ahasinzikajwe na Nyamugigima
please wait

No media source currently available

0:00 0:04:16 0:00

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG