Uko wahagera

Burkina Faso Yasavye Ubufaransa Gutahukana Inteko Zabwo


Umusirikare w'umufaransa mu buraruko bwa Burkina Faso, kw'itariki ya 10/11/2019
Umusirikare w'umufaransa mu buraruko bwa Burkina Faso, kw'itariki ya 10/11/2019

Ubufaransa bwasabwe n’ubutegetsi bwa gisirikare muri Burkina Faso gukurayo inteko zabwo, buca butako bwemera kuzobikora mu kiringo c’ukwezi kumwe.

Ubushikiranganji bw’imigenderanire bw’Ubufaransa bwavuze ko bwaronse urwandiko buhawe na reta ya Burkina Faso, rusaba kurangiza amasezerano yo mu 2018 yari yazanye ingabo zabwo muri ico gihugu.

Abasirikare hafi 400 b’Ubufaransa nibo bari muri Burkina Faso kurwanya abajihadiste bagishibije mu karere ka Sahel.

Burkina Faso yahambije igihugu kibanyi Mali, ihitamwo kuvavanura n’Ubufaransa, inyuma ya kudeta yashize ku butegetsi akagwi k’abasirikare. Abasirikare b’Ubufaransa baza bari batanguye kwankwa n’abanyagihugu muri Burkina Faso.

Reta ya Burkina Faso yemereye Ubufaransa ko itazokora nka Mali ngo ihindukirire umurwi w’abacengero b’Abarusiya, Wagner, ngo ufashe igisirikare cayo. Ariko naho biri uko hari intumwa z’uwo muhari ziza zaramaze kugendera ico gihugu.

Ku birenze ivyo, reta ya Burkina Faso yasavye Ubufaransa guhindura ambasaderi wabwo, inyuma y’aho Luc Hallade avugiye ku mutekano muke urangwa mu gihugu, bituma ubutegetsi bushavura. (AFP)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG