Uko wahagera

Burkina Faso: Intagondwa Ziyitirira Isilamu Zanyuruje Abapfasoni 50


Ikarata ya Burkina Faso
Ikarata ya Burkina Faso

Reta ya Burkina Faso yatangaje uno musi ku wa mbere ko intagondwa z'abayislamu zanyuruje abapfasoni bagera kuri 50 mu ntara ya Soum iri mu buraruko bw'igihugu kw'italiki 12 na 13 z'ukwezi kwa mbere kw'uyu mwaka.

Abantu bitwaje ibirwanisho banyuruje abo bapfasoni igihe bariko bamura ivyamwa hanze y’imihana y’ahitwa Liki, hafi y’ibilometero 15 umuntu avuye mu gisagara ca Aribinda no mu kindi gice kiri mu burengero bw’ico gisagara. Itangazo rya reta rimenyesha ko igikorwa c’ugutora abo bapfasoni banyurujwe ari bazima catanguye.

Burkina Faso imaze igihe ihanganye n’umugumuko w’intagondwa z’abayislamu zikorana n’umurwi al-Qaida na reta ya kiyislamu watandukiye igihugu bihana urubibe ca Mali mu mwaka w’i 2015, naho amakungu yagerageje guhagarika uwo mugumuko.

Abantu ibihumbi n’ibihumbi barishwe, abandi barenga imiliyoni 2 n’ibihumbi amajana indwi baravuye mu vyabo mu karere ka Sahel. (Reuters)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG