Uko wahagera

Burkina Faso Yirukanye Ambasaderi w’Ubufaransa


Idarapo ry’Ubufaransa na Burkina Faso
Idarapo ry’Ubufaransa na Burkina Faso

Ubushikiranganji bujejwe imigenderanire bw'Ubufransa bwaratangaje ku musi wa kabiri ko bwaronse ikete ry'abategetsi ba Burikana Faso mu kwezi kw'icumi na kabiri kw'umwaka urangiye ryasaba ambasaderi w'Ubufransa kuva muri ico gihugu: Ubwo bushikiranganji buvuga ko iyo ngingo itacishijwe mu buryo busanzwe buzwi.

Kugeza ubu, nta birenga aho cyangwa inyishu ubwobushikiranganji bwatanze. Reta ya Burkina Faso nayo nyene ntaco yavuze ku vyatangajwe n’ubushikiranganji bw’Ubufaransa. Aho ambasaderi w’Ubufransa muri Burika Faso, Luc Hallade, yoba ari muri iki gihe ntihazwi. Ambasade y’Ubufransa muri Burkina Faso ntaco yabivuzeko.

Iyo ngingo yerekanye ko imigenderanire hagati y’Ubufransa na Burkina Faso itera itosekara kurushiriza. Imyiyerekano y’abadashaka ko Ubufransa bugumiza abasirikare babwo muri Burkina Faso yariyongeye, bivuye ku vyo Ubufaransa butakoze ibwikiye kugira buhagarike umugumuko w’intagondwa z’abayisalamu watandukiye igihugu kibanyi ca Mali mu myaka ya vuba.

Umutekano muke wabandanije kurangwa muri ivyo bihugu vyompi watumye haba uruhagarara rwa politike n’amakudeta mu kwezi kw’umunani mu mwaka w’i 2020 no mu kwa gatanu mu mwaka w’i 2021 muri Mali, no mu kwezi kwa mbere mu mwaka w’i 2022 n’ukwezi kw’icenda mu mwaka w’i 2022 muri Burkina Faso. (Reuters)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG