Uko wahagera

HCR Ihangayikishijwe n'Ubuzima bw'Impunzi z'Abanyesomaliya muri Kenya


Impunzi zishika mw'ikambi y'abateshejwe izabo mu micungararo y'igisagara ca Dollow, muri Somaliya, kw'itariki ya 21/09/2022
Impunzi zishika mw'ikambi y'abateshejwe izabo mu micungararo y'igisagara ca Dollow, muri Somaliya, kw'itariki ya 21/09/2022

Igisata ca ONU cita ku mpunzi, HRC, kiragabisha ko ubuzima bw’ibihumbi vy’impunzi z’abanyesomaliya mu kambi ya Dadaab muri Kenya bubangamiwe, bitewe n’ubugarwrwa burangwa mw’ihembe rya Afrika hamwe n’amafaranga yaheze.

Impunzi z’abanyesomaliya barenga 80,000 bahunze intambara n’ubugarwarwa bamaze imyaka ibiri bashitse muri iyo kambi, abandi barenga 24,000 bashitseyo kuva mu kwezi kw’icenda.

HCR ivuga ko abashitse kuva mu mpera z’ukwezi kw’icenda bakeneye imfashanyo vyihuta, cane cane amahema.

Umuvugizi wayo, Boris Cheshirkov yavuze ko cholera yabateye mu mpera z’ukwezi kw’icenda, handura abarenga 350, bagizwe ahanini n’abana.

Kenya imaze imyaka irenga 20 yarakiriye impunzi zirenga igice c’umuriyoni hamwe n’abasaba ubuhungiro mu makambi ya Dadaab na Kakuma, ndetse n’abandi baba mu bisagara

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG