Uko wahagera

Kenya: Abaharanira Agateka ka Muntu ku Ruhande rw'Impunzi za Kakuma na Dadaab


Ikambi ya Kakuma mu buraruko bw'umurwa mukuru Nairobi, wa Kenya.
Ikambi ya Kakuma mu buraruko bw'umurwa mukuru Nairobi, wa Kenya.

Amashirahamwe aharanira agateka ka muntu muri Kenya ariko arasaba ico gihugu kwisubirako ku mugambi waco wo kwugara ikambi zibiri zihaye indaro impunzi zirenga 400 000 hamwe n’abasaba ubuhungiro.

Kenya yavuze ko izokwugara ikambi za Kakuma na Dadaab mu mwaka uza. Impunzi ziba muri ayo makambi, zigizwe ahanini n’abanyesomaliya hamwe n’abo muri Sudani y’ubumanuko, zizeye ko mu gihe ibiganiro vyobandanya izo kambi zitokugarwa.

Abategetsi ba Kenya bavuga ko izo kambi zibangamiye umutekano kandi zitwara ubutunzi bw’igihugu.

Ishirahamwe mpuzamakungu ryita ku mpunzi, HCR na reta ya Kenya bari mu biganiro vyo kugumiza izo kambi zuguruye.

Ariko umunyamabanga wa reta, Fred Matiang, yavuze kw’itariki ya 29 y’ukwezi kwa kane ko Kenya igihagaze hahandi, ko izo mpunzi zitahuka mu bihugu zavuyemwo.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG