Uko wahagera

Somaliya: Impunzi Zirabandanya Gutahuka


Impunzi z'abanyesomaliya
Impunzi z'abanyesomaliya

Mur’uyu mwaka w'2016, impunzi zishika ku bihumbi cumi n'umunani, zituruka mu gihugu ca Somaliya zaratahutse mu gisagara ca Kismayo. Ishirahamwe ryigenga, American Refugee Council, rigerageza gufasha abo batahutse, mu kubaronsa inyigisho z’imyuga zibafasha gusubira mu buzima bwabo bwa minsi yose.

Ni mu gihe abatari bake bafise ibibazo vyo kuronka aho baba, ivyo bafungura, ubuvuzi canke ubuzi.

ARC, ifatikanije na Reta ya Somaliya, bamenyesha ko bagerageza kwigiza kure urwaruka kugira ntiruje mu migwi itandukanye y’abagwanyi isanzwe ikorera mur’ico gihugu.

Abenshi mur’izo mpunzi bakaba batanguye gutahuka igihe Reta ya Kenya itangarije umugambi wo kwugara ikambi ry’impunzi ry’i Dadaab, ryari risanzwemwo impunzi zishika ku bihumbi amajana atatu, abenshi baturuka muri Somaliya.

XS
SM
MD
LG