Uko wahagera

Human Rights Watch Ihangayikishijwe n'Umugambi wo Kugara Dadaab


Ikambi ya Dadaab
Ikambi ya Dadaab

Ishirahamwe riharanira agateka ka muntu kw’isi, “Human Rights Watch,” ryagabishije uno musi ku wa kane ko impunzi ibihumbi 230 z’Abanyasomaliya zishobora kugeramirwa n’ubwicanyi mu gihugu ca Somaliya zaje zivamwo. Ivyo ni hamwe igihugu ca Kenya coshira mu ngino umugambi waco w’ukwugara ikambi y’impunzi ya Dadaab.

Reta ya Kenya yashikirije umugambi w’ukwugara iyo kambi iri mu buseruko bw’igihugu mu kwezi kw’umunani kwimirije. Otsieno Namwaya wo mw’ishirahamwe, “Human Rights Watch”, avuga ko nyinshi mu mpunzi ziri mw’ikambi ya Dadaab zahunze ubwicanyi n’uruhagarara muri Somaliya. Avuga ko umugambi wa Reta y’igihugu ca Kenya ugeramiye uburenganzira n’umutekano w’izo mpunzi.

Otsieno Namwaya avuga ko kuzitegeka gutahuka ku nguvu kwoba ari ukurenga ku mategeko Reta ya Kenya yemeye kwubahiriza.

Ishirahamwe riharanira agateka ka muntu kw’isi, “Amnesty International” ryo rimenyesha ko Kenya yotegerezwa kurondera inyishu harimwo kuzirekurira kuba mu gihugu canke kuzimurira mu bindi bihugu. Ikambi ya Dadaab ni yo kambi irimwo igitigiri kinini cane c’impunzi kw’isi.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG