Uko wahagera

Kenya Irateganya Kwugara Ikambi y'Impunzi ya Dadaab


Ikambi ya Dadaab muri Kenya
Ikambi ya Dadaab muri Kenya

Igihugu ca Kenya gifise imigambi y’ukwugara ikambi y’impunzi nini cane kw’isi ya Dadaab mu mpera z’ukwezi kw’umunani uyu mwaka. Iyo kambi imaze imyaka 30, irimwo impunzi 230,000 zigizwe ahanini n’abasomali.

Urwandiko rw’ishami rya ONU ryitaho impunzi, HCR, rwo kw’italiki 28 z’ukwezi kwa kabiri ruvuga ko Reta ya Kenya yarisabye kwihutisha igikorwa c’ukwimura impunzi n’abarondera ubuhungiro bari mw’ikambi ya Dadaab.

Muri urwo rwandiko ishirahamwe HCR ryiyemeza gukorana na Reta ya Kenya ku bijanye n’itahukanwa ry’izo mpunzi mu bihugu zaje zivamwo ku gushaka kwazo, kuzimurira mu bindi bice vya Kenya canke kuzimurira mu bindi bihugu.

Reta ya Kenya ivuga ko ikambi y’impunzi ya Dadaab iberamwo ibikorwa vy’uguhungabanya umutekano w’igihugu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG