Uko wahagera

Kenya Isaba HCR Kwugara Ikambi z'Impunzi za Dadaab na Kakuma


Ifoto yafashwe n'indege yerekana ikambi y'impunzi ya Kakuma muri Kenya
Ifoto yafashwe n'indege yerekana ikambi y'impunzi ya Kakuma muri Kenya

Umushikiranganji wa Kenya w’intwaro mu gihugu hagati yatangaje kuri uyu wa gatatu umugambi wo kwugara ikambi zibiri zirimwo ibihumbi amajana vy’impunzi zahunze intambara n’intwaro z’umukazo mu bihugu bibanyi, cane cane Somaliya.

Kenya yasavye igisata ca ONU kijejwe impunzi, HCR, kwerekana mu ndwi zibiri ingene bategekanya gutahukana izo mpunzi.

HCR yavuze ko izobandanya inzira yo kuganira kandi isaba Kenya kwemeza ko izocungera izo mpunzi. Yavuze kandi ko iyo ngingo izogira ingaruka mbi kuri izo mpunzi cane cane iz’ikiza ca COVID-19.

Umushikiranganji, Fred Matiang’i, yavuze ko ata biganiro bikenewe kuri iyo ngingo. Ku musi wa kabiri, abategetsi ba Kenya babwiye CHR ko izo mpunzi zizorungikwa ku rubibe na Somaliya mu gihe izo kambi zitokwugarwa.

Ikambi z’i Dadaab na Kakuma, ziri mu buraruko bwa Kenya kandi zirimwo impunzi zirenga 410 000 zahunze Somaliya na Sudani y’ubumanuko.

Imigambi yo kwugara izo kambi yatanguye mu 2016, igihe abategetsi ba Kenya bashikiriza impungenge z’umutekano, ariko sentare nkuru ya Kenya yarahagaritse uyo mugambi, ivuga ko uteye kubiri n’ibwirizwa shingiro. Hari inyuma y’aho iperereza rya Kenya ryerekanye ko hari zimwe muri izo mpunzi zagize uruhara mu bitero vyabereye muri Kenya mu 2013 no mu 2015.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG