Reta ya Somaliya yavuze kuri uyu wa kane ko igisirikare c’igihugu cishe aba al-Shabab 40, mu ntara ya Middle Shabelle. Ni ibitero bishasha mu bitero simusiga bimaze amezi, aho reta ivuga ko itumbereye guca intege uwo muhari.
Umushikiranganji wo kumenyesha amakuru yavuze ko ico gitero cabereye mw’ishamba riri hafi y’agasagara ka Ali Foldhere ku musi wa gatatu. Yavuze kandi ko aba al shabab batari bake bakomeretse.
Ku musi w’Imana, al-Shabab yarateye ihoteri icungerewe cane hafi y’ikirimba ca prezida i Mogadishu, yica abantu icenda.
Reta, ifashijwe n’imirwi y’abanyagihugu hamwe n’inteko z’ubumwe bwa Afrika, ivuga ko imaze kwica abarwanyi ba al Shabab barenga 600 hamwe n’uturere 68 yigaruriye mu mezi atatu aheze.
Abategetsi ba Somaliya bata ishavu kuri uwo muhari w’iterabwoba ko ariwo watumye igihugu cinjira mu mapfa mu kiringo c’imyaka 40, kuko amayira acishwamwo imfashanyo z’abanyamahanga ari mu minwe ya Al Shabab.
Facebook Forum