Uko wahagera

Somaliya: Amashure mu Bice Vyatswe Al Shabab Agiye Gusubira Kwugururwa


Abana b'abanyeshure bataha imuhira, inyuma y'aho reta itangarije ko yugaye amashure na za kaminuza no kubuza amakoraniro manini, inyuma y'aho ikiza ca corona catereye
Abana b'abanyeshure bataha imuhira, inyuma y'aho reta itangarije ko yugaye amashure na za kaminuza no kubuza amakoraniro manini, inyuma y'aho ikiza ca corona catereye

Reta ya Somaliya yavuze ko itegekanya kwongera kwugurura amashure mu bice yigaruriye vyahoze mu minwe y’umuhari w’iterabwoba wa al-Shabab. Umushikiranganji w’indero, Farah Sheikh Abdulkadir yavuze ko ubushikiranganji arongoye buriko buravyitegurira.

Abajejwe umutekano ba reta hamwe n’imirwi y’abasivile ifatanya nabo barirukanye al-Shabab mu bisagara n’uburere hagati na hagati muri Somaliya kuva mu kwezi kwa munani.

Umushikiranganji Abdulkadir yabwiye Ijwi ry’Amerika ko reta izokoresha ubushobozi bwose ifise kugira yigishe abantu bose batagize amahirwe yo kwiga igihe kirekire. Reta yaramaze kurungika ibikoresho vy’ishure muri reta ya Hirshabelle, ahashizwe ikirindiro gikuru mu kugaba ibitero kuri al shabab.

Abdulkadir yavuze ko gushika ubu ibice vy’abanyesomaliya 24 kw’ijana ari vyo bifise amahirwe yo kwica.

Iri tangazo rya reta rije haheze hafi indwi zitatu bombe zibiri zitewe ku bushikiranganji bw’indero i Mogadishu, hapfa abantu 121n’abarenga 330 bakomeretse. Igihe ico gitero caba, ubwo bushikiranganji bwariko buratanga impapuro z’umutsindo ku banyeshure 35.000 bari bakoze ikibazo ca reta.

@VOA

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG