Uko wahagera

Al Shabab Yateye Ihoteri i Mogadishu


Abasirikare ba Somaliya i Mogadishu, muri Somaliya, kw'itariki ya 27/04/2022.
Abasirikare ba Somaliya i Mogadishu, muri Somaliya, kw'itariki ya 27/04/2022.

Muri Somaliya, abarwanyi b’umuhari Al-Shabab baraye bagavye igitero kw’ihoteri iri mu kibanza gisanzwe gicungerewe cane, hafi y’ikirimba ca prezida, mu murwa mukuru Mogadishu. Iyo hoteri kandi iri hafi y’ibohero rigenzurwa n’ikigo c’iperereza ca Somaliya.

Igiporisi hamwe n’ababibonye bavuze ko ico gitero cabaye mu masaha ya sa mbiri z’ijoro zo kuri uyu w’Imana.

Umutegetsi wo mubajejwe umutekano atashatse ko izina ryiwe rimenyekana, yemereye Ijwi ry’Amerika ko al Shabab yateye ihoteri yitwa Villa Rossa, ikunze guhurumbirwa n’abategetsi ba reta hamwe n’abanyeporitike. Uwo mutegetsi kandi yavuze ko ico gitero catanguriwe n’igisasu caturikijwe, mu nyuma hakurikira amasasu y’inkoho zikomakomeye atumbereye kuri iyo hoteri. Igitigiri c’aba al shabab bateye ntikizwe.

Igiporisi cavuze ko catabaye abasivile hamwe n’abategetsi batari bake, ariko nta gitigiri c’abapfuye catanzwe.

Iki gitero kibaye mu gihe inteko za reta zifadikanije n’imirwi y’abanyagihugu biyemeje kurwanira igihugu bakibandanya ibitero kuri al shabab mu mareta ya Hirshabelle na Galmudug.

Umushikiranganji wa mbere wa Somaliya, Hamza Abdi Barre, mu ndwi iheze yavuze ko abajejwe umutekano bamaze kwica abarwanyi b’uwo muhari 600, bakomeretsa abandi 1.200, mu mezi atatu bamaze mu rugamba.

@VOA

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG