Uko wahagera

Reta ya Somaliya ivuga ko Yishe aba Al Shabab 49


Somaliya ivuga ko igisirikare cayo, gifatanije n’abo bakorana b’abanyamahanga, bakoreye hamwe igitero mu ntara ya lower Shabelle, bica aba al-Shabab 49.

Itangazo ryasohowe n’umushikiranganji wo kumenyesha amakuru kuri uyu wa gatatu, ryavuze ko ico gikorwa ca gisirikare cabereye mu karere ka Buulo Madiino, muri iyo ntara.

Ijwi ry’Amerika ntiryashoboye kuronka amakuru yigenga ku gitigiri c’abapfuye. Ariko abanyagihugu bo muri ako karere bavuze ko bumvise ibikoho vya muzinga bisamirana.

Reta yavuze ko abo barwanyi ba al shabab batewe bariko barategura gutera abanyagihugu. Yavuze kandi ko hakoreshejwe indege, ariko igihugu cabikoze nticatangajwe.

Ibi bitero bikozwe haheze imisi prezida wa Somaliya, Hassan Sheikh Mohamud agendeye ibisagara vyo mu ntara za Hiran na Galgadud bikunze kuberamwo imirwano.

Prezida Mohamud, yongeye gutorwa mu ntango z’uyu mwaka, yariyemeje kurwana intambara yeruye n’iterabwoba rya al-Shabab.

@VOA

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG