Uko wahagera

Igisirikare ca Somaliya Kirishima ko Kirushiriza Kwiyubaka no Gukomera


Abasirikare ba Somaliya bari mu guhabwa inygisho kw'ikambi ya Turukiya i Mogadishu, muri Somaliya, kw'itariki ya 30/09/2017
Abasirikare ba Somaliya bari mu guhabwa inygisho kw'ikambi ya Turukiya i Mogadishu, muri Somaliya, kw'itariki ya 30/09/2017

Abategetsi bo mu gisata kijejwe umutekano muri Somaliya bavuga ko igihugu kiriko kiratera intambuko mu kwubaka igisirikare gishobora gukingira inzego z’igihugu no kwagura ubutegetsi bwa reta.

Kuva mu kwezi kwa munani, mu gice co hagati mu gihugu, inteko za reta zigenda buhoro buhoro zigarurira uturere twari mu minwe ya al-Shabab.

Umukuru w’igisirikare, Brigadier Jenerali Odawa Yusuf Rage, yabwiye Ijwi ry’Amerika ko ivyo bitero bitegurwa kandi bigakorwa n’abakomanda ba Somaliya bafatanije n’imirwi y’abanyagihugu.

Abategetsi bajejwe umutekano baremeye ko indege zo mu bwoko bwa drone za Turukiya ziriko zirafasha mu kurwanya al-Shabab. Avuga ko zitera amabombe kandi zifasha kumenya aho umwansi yinyegeje.

Abategetsi babiri batashimye ko amazina yabo amenyekana ku mvo z’umutekano, babwiye Ijwi ry’Amerika ko izo ndege zagize uruhara mu bitero mu ntara za Lower na Middle Shabelle mu ndwi ziheze. Bavuga kandi ko haruhande ya Turukiya, igisirikare ca Reta zunze ubumwe za Amerika kimaze imyaka kigaba ibitero vy’indege kuri Al-Shabab.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG