Igiporisi muri Somaliya catangaje ko abajejwe umutekano w’igihugu barangije ugutana mu mitwe na al shabab kwari kumaze amasaha arenga 20. Iyo ntambara yabereye kw’ihoteri imenyerewe cane ku murwa mukuru, Mogadishu. Igiporisi kivuga ko cishe abakora iterabwoba batanu mu gihe abandi basivile umunani bapfiriye muri ico gitero.
Iyo hoteri Villa Rays iri hafi y’ikirimba c’umukuru w’igihugu, yatewe n’abarwanyi ba al-Shabab, inyuma yo gutangurirwa na bombe y’ubwiyahuzi.
Umuvugizi w’igiporisi yavuze ko abajejwe umutekano bishe batanu muri batandatu bateye, mu gihe umwe muri bo yiyahuje igisasu. Yavuze ko uwo murwi wa al-shabab reta ikunze kwita aba Khawarijs wishe abasivile umunani bari kuri iyo hoteri. Yavuze kandi ko abajejwe umutekano batabaye abasivile 60 kandi ata wakomeretse muri bo.
Ihoteri yagabweko igitero yari ikunze kugenderwa n’abategetsi bakuru ba reta, barimwo abashikiranganji, abashingamateka hamwe n’abandi bategetsi mu gisata c’umutekano.
Abahinga bavuganye n’Ijwi ry’Amerika bavuze ko bibaza ko ico gitero kwari ukwihora kwa al shabab, inyuma y’imisi imaze itakaza abarwanyi mu rugamba n’inteko za reta, mu ntara zo hagati mu gihugu.
@VOA
Facebook Forum