Uko wahagera

Zelensky: Uburusiya Bwigaruriye Hafi 20% Vya Ukraine


Kimwe mu kibanza Uburusiya bwagavyemwo ibitero muri Ukraine
Kimwe mu kibanza Uburusiya bwagavyemwo ibitero muri Ukraine

Prezida wa Ukraine, Volodymyr Zelensky yatangaje uno musi ko Uburusiya bumaze kwigarurira hafi y'ibice 20 kw'ijana vy'igihugu ciwe. Zelensksy yabitangaje mw’ijambo yashikirije abashingamateka bo mu gihugu ca Luxembourg, uno musi ku wa kane hakoreshejwe ubuhinga bwa videwo.

Muri ivyo bice 20 kw’ijana harimwo ivyo Uburusiya bumaze kwigarurira kuva butanguye ibitero muri Ukraine, intara ya Crimeya bwigaruriye mu mwaka w’i 2014 n’ibice biri mu minwe y’abashaka kwiyonkora kuri Ukraine bashigikiwe n’Uburusiya.

Zelensky avuga ko mu mwaka w’i 2014, abashaka kwiyonkora kuri Ukraine bashigikiwe n’Uburusiya n’igisirikare c’ico gihugu bagenzura ibilometero kwadarato 43.000 vy’igihugu ciwe, akarere yagereranije ko kangana n’igihugu c’Ubuholande.

Yamara ako karere kariyongeye, mu kiringo kirenga amezi 3 kuva Uburusiya butanguye ibitero muri Ukraine, mu gushika hafi y’ibilometero kwadarato 125.000. Akarere avuga ko karuta ubunini ibihugu vy’Ubuholande, Ububiligi na Luxembourg vyose ibiri hamwe.

Prezida wa Ukraine, Volodymyr Zelensky, yabwiye abamenyeshamakuru bo muri Luxembourg ko akarere kagera ku bilometero kwadarato 300,000 kakwiragijwemwo amabombe ategwa abantu bita mine hamwe n’ayandi mabombe ataturitse. Yongeye atangaza ko abanya Ukraine imiliyoni 12 bavanywe mu zabo n’ingwano, mu gihe abarenga imiliyoni 5 bahungiye mu mahanga.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG