Uko wahagera

Uburusiya Bugenzura Hafi Igisagara Cose ca Sievierodonetsk ca Ukraine


Uburusiya bugenzura igice ca cabiri c’igisagara Sievierodonetsk co muri Ukraine gihambaye kandi gitanga umuhora wo kwigarurira intara ya Donbas irangwamwo amahinguriro menshi.

Buramatari w’intara ya Luhansk, Serhiy Gaidai, yavuze ko inyuma y’iminsi haba ugutana mu mitwe gukomeye hagati y’abasirikare b’Uburusiya n’aba-Ukraine, Uburusiya bugenzura hafi igisagara cose ca Sievierodonetsk ariko avuga ko bataragikikuza.

Haruhande y’iyi ntsinzi y’Uburusiya ku rubuga rw’intambara, umutegetsi ajejwe ivy’imigenderanire mu bumwe bwa Buraya, Josep Borrell, yavuze kuri uyu wa kabiri ko ibihano ubumwe bwa Buraya bwafashe ku gitoro c’Uburusiya bizotuma Perezida Poutine akehanirwa amafaranga yo kubandanya intambara.

Abakuru b’ibihugu vya Buraya, ku musi wa mbere barumvikanye ku guhagarika bibiri vya bitatu vy’ibitoro vyose bakura mu Burusiya.

Uburusiya bwishuye kuri iyo ngingo y’Uburaya mu guhagarika umwuka wa Gaze bushorera ku mugabane wa Buraya. Bwavuze ko bugiye kwima Gaze ibihugu vyanse kuriha mu mafaranga y’Uburusiya, y’amaruble.

AP, AFP, Reuters.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG