Uko wahagera

Uburusiya Bwongereje ibitero muri Donbas


Imyotse inyuma y'ibitero vy'indege kw'ihinguriro mu gisagara ca Soledar mu ntara ya Donbas buseruko bwa Ukraine, kw'itariki ya 24/05/2022.
Imyotse inyuma y'ibitero vy'indege kw'ihinguriro mu gisagara ca Soledar mu ntara ya Donbas buseruko bwa Ukraine, kw'itariki ya 24/05/2022.

Perezida wa Ukraine, Volodymyr Zelensky, yavuze ko inteko z’Uburusiya zagiye mu buseruko bwa Ukraine kuri uyu wa kabiri, zitera amabombe zitumbereye gusambura ibihari vyose. Ni mu gihe Uburusiya buvuga ko bugiye gukomeza intambara izomara igihe kirekire n’ico gihugu kibanyi.

Amezi atatu ararangiye Uburusiya buteye Ukraine, Perezida Zelensky aragandariye ibihumbi vy’abasirikare bamaze kuhasiga ubuzima. Yongeye gutera akamo asaba ibihugu vya Buraya ibirwanisho bikomakomeye, kuko ngo gufasha Ukraine ari umutahe ukomeye ku mutekano w’isi.

Mu Burusiya, umushikiranganji wo kwivuna abansi, Sergei yavuze ko Uburusiya bwiteguye kuguma muri iyi ntambara muri Ukraine igihe kirekire. Yavuze ko bazobandanya iyi ntambara gushika intumbero zabo zose zishitsweko.

Mw’ijambo ashikiriza igihugu buri munsi, kuri uyu wa kabiri, Perezida Zelensky yavuze ko muri Donbas vyabakomereye cane kuko Uburusiya buriko buratera amabombe mu gisagara ca Severodonetsk n’ibindi bisagara.

Ishirahamwe mpuzamakungu ONU rivuga ko imiriyoni zirenga zitandatu z’abantu zarahunze Ukraine, abandi imiriyoni umunani bahungira mu gihugu hagati kuva iyi ntambara itangura.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG