Uko wahagera

Umukuru w'Ubumwe bwa Afrika Agiye Kugendera Uburusiya na Ukraine


Perezida wa Senegal, Macky Sall mu kiganiro n'abamenyeshamakuru i Dakar, kw'itariki ya 1/05/2022
Perezida wa Senegal, Macky Sall mu kiganiro n'abamenyeshamakuru i Dakar, kw'itariki ya 1/05/2022

Perezida wa Senegal, Macky Sall, yavuze kuri uyu w’Imana ko azogendera Uburusiya na Ukraine mu bihe vya vuba biri imbere, kw’izina ry’ubumwe bwa Afrika arongoye muri iki kiringo.

Uru rugendo rwari kuba kw’itariki ya 18 y’uku kwezi kwa gatanu ariko ntivyakunze ku mvo z’amatariki atamworohereje, biba ngombwa ko hashingwa iyindi tariki. Yavuze ko yahawe uburenganzira n’uwo muryango kugira urwo rugendo, kandi ko n’Uburusiya bwamurungikiye ubutumire.

Perezida Macky Sall yavuze kandi ko ubumwe bwa Afrika bwemeye kuzoshira hamwe abaperezida bari mu muryango wa Afrika bipfuza kuzoganira na perezida wa Ukraine Volodymyr Zelensky. Yavuze ko n’ibi bizokorwa mu ndwi ziri imbere.

Ugutera Ukraine kw’Uburusiya, kwatumye umugabane wa Afrika winjira mu bibazo vy’ubutunzi. Ibiciro vy’ibiterwa nk’ingano vyaraduze cane, ndetse n’ibiciro vy’ibitoro. Ibi vyatumye abanyafrika batabona kumwe iyo ntambara.

Mu ntango z’ukwezi kwa gatatu, Senegal yahisemwo kutagira ico ivuze mw’itora ryatunganijwe na ONU, ryasaba ibihugu gusaba Uburusiya kuva muri Ukraine.

Mu ndwi nke zakurikiye, Senegal yaratoye iremeza irindi tegeko rya ONU ryasaba Uburusiya guhagarika iyo ntambara.

Hafi ica kabiri c’ibihugu vya Afrika vyahisemwo kwinumira canke kudatora ayo mategeko uko ari abiri.

@VOA

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG