Uko wahagera

Perezida wa Ukraine Yagiriza Uburusiya Gukora Ihonyabwoko mu Ntara ya Donbas


 Perezida wa Ukraine Volodymyr Zelenskyy
Perezida wa Ukraine Volodymyr Zelenskyy

Mw’ijambo yama ashikiriza imisi yose kuri televiziyo, Prezida Zelensky, yiyamirije ibitero vy’ubunyamaswa inteko z’Uburusiya ziriko zikora mu ntara ya Donbas. Yavuze ko bishobora gutuma ata bantu bazoshobora gusubira kuba muri iyo ntara yose.

Yatangaje ko ivyo bifatanije no gukura abanyagihugu ku nguvu muri iyo ntara n’ukwica abasivile ikivunga, ari umugambi w’ihonyabwoko Uburusiya buriko bushira mu bikorwa.

Inteko z’Uburusiya n’abandi barwanyi bariko barazifasha bariko batera begereza ibisagara bitari bike. Harimwo ivyo ni Severodonestk na Lysychansk biri kw’ibarabara rikomeye rija mu gisagara ca Kramatorsk mu buseruko bw’igihugu.

Icegera c’umukuru w’igisagara ca Kiev, Ganna Malyar, yabwiye abamenyeshamakuru ko ingwano iriko ibera mu buseruko bwa Ukraine ikomeye cane kuva Uburusiya butanguye ibitero muri ico gihugu kw’itariki 24 y’ukwezi kwa kabiri.

Buramatari w’intara ya Luhansk, Sergiy Gaiday, avuga ko ibintu bikomeye cane muri ako karere, kubera Uburusiya bwarungitse inteko zabwo zose mu mugambi wo gufata iyo ntara yose.

Amenyesha ko intambara ikomeye cane iriko ibera ku micungararo y’igisagara ca Severodonetsk. Avuga ko inteko z’Uburusiya ziriko zirasenya ico gisagara mu kugiteramwo amabombe urutavanako imisi yose.

Inteko z’Uburusiya zabandanije kandi gutera amabombe mu gisagara ca Kharkiv, kigira kabiri mu bunini. Abantu icenda bahasize ubuzima mu gihe abandi 19 bakomeretse, nk’uko bitangazwa n’abategetsi baho.(AFP)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG