Uko wahagera

Uburusiya: Gufata Mariupol ni Intsinzi Ikomeye Cane


Ukugwa kw’igisagara ca Ukraine ca Mariupol mu minwe y’Uburusiya bisa n’ivyarangiye kuri uyu wa kabiri. Ukraine yahevye ico gisagara kiri ku kivuko kandi kirimwo amahinguriro y’ivyuma. Muri iki gisagara niho abarwanyi amajana ba Ukraine bari bamaze igihe kitari gito binyegeje bishikanye ku bushake bwabo ku basirikare b’Uburusiya mu mwumvikano wabaye hagati y’impande zishamiranye.

Gufata Mariupol, ahahora haba abantu 430.000 hamwe n’igisagara ca Azov kiri ku nkengera y’ibahari, ni intsinzi ikomeye y’Uburusiya mu ntambara bumazemwo hafi amezi atatu na Ukraine.

Ariko Uburusiya ntiburashobora gufata ibindi bisagara mu buseruko bwa Ukraine, kandi bwarananiwe gukuraho reta ya Perezida Volodymyr Zelenskyy canke gufata umurwa mukuru Kiev. Ukraine igereranya ko abasivile 20.000 bishwe muri Mariupol, kandi igisagara nka cose cacitse umusaka.

Abarwanyi barenga 260 ba Ukraine, benshi muri bo bakomeretse bikomeye, barakuwe mu bibomoke vy’ihinguriro ry’ivyuma rya Azovstal ku musi wa mbere, bishikana ku basirikare b’Uburusiya. Uburusiya bwavuze ko ari ukwishikana kw’abasirikare benshi kubaye kuva intambara itangura. Ariko Ukraine yo ivuga ko abarwanyi bayo barangije igikorwa bari barahamagariwe.

Ntibiramenyekana ikizoca kiba kuri abo basirikare ba Ukraine bishikanye.

@AP, AFP, Reuters

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG