Uko wahagera

Ukraine: Gutabara Abaheze mu Ruganda rw'Ivyuma Birabandanya


Bamwe mu basirikare batabawe
Bamwe mu basirikare batabawe

Ukraine kuri uno wa kabiri yabandanije ibikorwa vyo kuvana abasirikare bayo bamaze amezi abiri bari mu ruganda rukora ivyuma, Azovstal, ruri mu gisagara ca Mariupol.

Abategetsi ba Ukraine mu biharuro bishasha batanze bavuze ko ejo ku wa mbere muri urwo ruganda bahavanye abarwanyi bayo barenga 260. Icegera c’umushikiranganji wo kwivuna abansi muri Ukraine yavuze ko 53 muri abo bakomeretse cane bariko bavurirwa mu gisagara ca Novoazovsk, kiri mu buseruko bwa Mariupol. Iki gisagara kigenzurwa n’ingabo z’Uburusiya.

211 basigaye mu batabawe ejo nabo bajanywe mu gisagara citwa Olenivka, naco nyene kigenzurwa n’ingabo z’Uburusiya. Icegera c’umushikiranganji wo kwivuna abansi yavuze ko abatabawe bashobora kuguzwa n’imbohe z’Uburusiya zafatiwe ku rugamba imbere y’uko bidegemvya. Ukraine ntitomora bangahe basigaye mu ruganda rwa Azovstal.
Mw’ijambo perezida wa Ukraine yavugiye kuri tereviziyo y’igihugu, yavuze ariko ko igikorwa co kuvana abasirikare biwe baheze muri urwo ruganda runini rw’ivyuma kibandanya. Prezida Zelenskyy yashimangiye ko “ Ukraine yipfuza kubona intwari zayo ari nzima” kuri ubwo, ibikorwa vyo kugarukana “abahungu ba Ukraine” iwabo bibwirizwa kubandanya.

Tukivuga ku vy’Uburusiya na Ukraine, uno munsi ku wa kabiri Suede yasavye ku mugaragaro kwinjira mw’ishirahamwe OTAN. Uburusiya ntibushigikiye na gato ko Suede iba umunyamuryango wa OTAN. Perezida w’Uburusiya yongeye kugabisha avuga ko “ hari ingorane zaduka bitari ngombwa. Uburusiya bubwirizwa gufata ingingo zibereye” Hambavu ya Suede, na Finlande yarasavye kwinjira muri OTAN. Kugira ibi bihugu vyemererwe kuba ibinyamuryango vya OTAN, ibihugu 30 vyose bigize iryo shirahamwe ryo kwivunira umwansi hamwe birinda kuvyemeza ata kivuyemwo.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG