Uko wahagera

Uburusiya Bwaciye Umuyagankuba wa Finlande


Abategetsi b'Uburusiya na Finlande
Abategetsi b'Uburusiya na Finlande

Igihugu ca Finlande catangaje ku mugaragaro ko cipfuza kwinjira mw’ishirahamwe ry'ibihugu vyo mu burengero bw'isi ryo kwivunira umwansi hamwe, OTAN. Perezida Sauli Niinisto n’umushikiranganji wa mbere, Sanna Marin, babitanganje bari kumwe uno musi ku wa Mungu ku murwa mukuru w’ico gihugu, Helsinki, bavuga ko ari umunsi winjiye mu mateka y’igihugu cabo.

Vyari vyitezwe ko Finlande isaba kwinjira mw’ishirahamwe OTAN risanzwe ririmwo ibihugi vyo mu burengero 30 vyishinze kwivunira umwansi hamwe. Ikindi gihugu vyitezwe ko gifata ingingo nk’iyo ni Suwede.

Umunyamabanga mukuru wa OTAN yavuze ko Finlande na Suwede bisanzwe ari ibihugu vy’inkoramutima kuri OTAN. Uwo mutegetsi yabivugiye mu nama y’ibihugu bigize uwo muryango iriko ibera mu Budagi, aho ivyo bihugu biriko birabira hamwe ingaruka intambara ya Ukraine yagize kuri ico gihugu no ku bindi bihugu, n’ingene OTAN yobandanya gushigikira Ukraine no kwiyagura.

Prezida w’Uburusiya Vladimir Putin ejo ku wa gatandatu biciye mu kiganiro yagiranye kuri terefone na mugenzi wiwe wa Finlande yamubwiye ko kwinjira muri OTAN ryoba ari ikosa rikomeye, kandi ko bizosubiza inyuma imigenderanire hagati y’ivyo bihugu.

Zimwe mu ngaruka zibonwa nk’izatewe n’icipfuzo ca Finlande co kwinjitra muri OTAN, ni umuyagankuba Uburusiya bwakatiye ico gihugu. Ubundi Uburusiya buha Finlande ibice 10% vy’umuyagankuba ico gihugu gikoresha.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG