Uko wahagera

Uburusiya Buragabisha Intambara ya Nikereyeli Finlande na Suwede Vyinjiye muri OTAN


Perezida wa Ukraine hamwe n'umusirikare wo kwivuna abansi wiwe
Perezida wa Ukraine hamwe n'umusirikare wo kwivuna abansi wiwe

Perezida wa Finlande, Sauli Niinisto, hamwe n’umushikiranganji wiwe wa mbere, Sanna Marin, bashikirije kuri uyu wa kane ko biteguye kwiyunga n’ishirahamwe ry’ibihugu vyo mu burengero bw’isi ryishinze kurwaniriza umwansi hamwe, OTAN.

Abo bategetsi ba Finlande bagaragaje ko mu gihe bokwemererwa kwiyunga n’uwo muryango, umutekano w’igihugu cabo wokomezwa. Biyemeje ko mu gihe ca vuba bagiye kubisaba. Bavuze ko iyi ngingo bayifashe haheze igihe yiyumvirwako kandi babanje guhanuza ishirahamwe OTAN hamwe n’igihugu kibanyi ca Suwede. Abategetsi muri Suwede vyitezwe nabo nyene ko bashobora kuzosaba kwinjira muri OTAN mu misi iri imbere.

Uburusiya bwaciye bugabisha ko bushobora guca bufata intambwe bwise iz'“Ubuhinga bwa gisirikare” hamwe n’izindi ngingo kuri iryo terabwoba ku mutekano wabo.

Dmitry Medvedev, icegera c’umukuru w’akanama k’igihugu kajejwe umutekano mu Burusiya yavuze ko mu gihe ivyo bihugu vyokwinjizwa muri OTAN hari ingaruka ko intambara burimwo muri Ukraine ishobora kuzoca iba iya Nikereyeli, kandi ko bazohahombera bose.

Finlande ihana urubibe n’Uburusiya rungana ibirometero birenga 1300.

Umunyamabanga mukuru wa OTAN, Jens Stoltenberg, yavuze mu mpera z’ukwezi kwa kane ko mu gihe Finlande n’Ubusuwede vyosaba kwinjira muri OTAN, bazohabwa ikaze kandi kwemererwa bizokwihuta.

@VOA

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG