Uko wahagera

Perezida Zelensky Avuga ko Ariko Ariga Ikibazo co Kutagira aho Ahagaze


Zelensky
Zelensky

Perezida wa Ukraine Volodymyr Zelenksy yavuze kuri uyu w’Imana ko intumwa ziwe mu biganiro ziriko zirihweza neza ivyo Uburusiya busaba ko igihugu ciwe kitogira uruhande gihengamiyeko. Perezida Zelensky yemeza ko ivyo Uburusiya busaba avyumva kandi ko biriko biraganirwako, ndetse vyigwako mu buryo bwitonze. Yabivugiye mu kiganiro yahaye ibimenyeshamakuru vyigenga bitari bike vyo mu Burusiya.

Uburusiya mu ntango z’uku kwezi bwavuze ko ibihugu vy’Ubusuwede na Otrishiya vyerekanye uburorero bwiza bwo kutagira aho buhagaze kandi ko Ukraine ikwiye kuvyisunga mu gufasha ko intambara ihagarara.

Ukraine yamwe ihakana ivyo Uburusiya busaba, ivuga ko abanya-Ukraine bonyene ari bo bihitiramwo uko bifuza ishusho y’igihugu cabo n’aho begamira.

Muri iki kiganiro n’abamenyeshamakuru b’Abarusiya, Perezida Zelensky yagirije perezida w’Uburusiya Vladimir Putin kuba ariko aradindiza ibiganiro no kubandanya intambara. Yavuze ko uko ari babiri ari nkenerwa ko basinya amasezerano. Asaba Perezida Poutine guhaguruka akamusanga aho ari bakabonana.

Ibiganiro vyo guhagarika intambara imaze ukwezi kurenga muri Ukraine vyashimikiye ku gusaba Ukraine guhagarika kwiyumvira kwiyunga na OTAN, no kwaka ibirwanisho abadakwiye kuba babifise.

Izi mpande zibiri mu biganiro zitegekanya gusubira guhura amaso mu yandi muri iyi ndwi iza muri Turukiya.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG