Uko wahagera

Ukraine Ivuga ko Kuganira n'Uburusiya Bigoye


Bamwe mu bari mu biganiro vy'Uburusiya na Ukraine
Bamwe mu bari mu biganiro vy'Uburusiya na Ukraine

Abategetsi ba Ukraine batangaje uno musi ku wa gatatu ko ibiganiro n’Uburusiya bigenewe guhagarika ingwano imaze ukwezi biri mu bibazo bikomeye. Ni inyuma y’uko Uburusiya bwagirije Reta zunze ubumwe za Amerika ko ziriko zigeramira utwigoro tugenewe amahoro.

Umutegetsi mukuru ayoboye abajejwe ibiganiro ku ruhande rwa Ukraine, Mykhaylo Podolyak, avuga ko ibiganiro bibandanya hakoreshejwe ubuhinga bwa videwo. Yamara amenyesha ko ivyo biganiro biriko birangwa n’ibibazo bikomeye kubera Ukraine yerekanye ku buryo bugaragara aho ihagaze.

Ivyatangajwe na Podolyak vyabaye inyuma y’uko abategetsi b’Uburusiya bagirije imbere y’aho abategetsi ba Ukraine ko baguma bahindagura aho bahagaze mu biganiro. Batangaza ko Reta zunze ubumwe za Amerika ziriko zikora kugira Uburusiya na Ukraine bigume mu ngwano mu kiringo kirekire gishoboka.

Nta ntambwe ziboneka ibiganiro bibandanya hagati ya Ukraine n’Uburusiya vyagize, n’aho hari icizere mu ntango ko amasezerano ashobora gupfundikwa. Yamara prezida wa Ukraine, Volodymyr Zelensky, avuga ko bariko bagenda intambwe ku yindi muri ivyo biganiro.(AFP)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG