Uko wahagera

Ukraine Yiyamirije Iciyumviro c'Uburusiya co Kutagira Aho Buhengamiye


Ukraine yiyamirije iciyumviro cashikirijwe n'Uburusiya kiyisaba kutagira aho yegamira kugira ivyo bihugu vyompi bishobore kwumvikana. Abategetsi b’Uburusiya bemeje ivyashikirijwe n’abajejwe ibiganiro b’ico gihugu ko bariko biyumvira ukuntu Ukraine itogira aho ihengamira nk’uko ibintu bimeze ku vyerekeye ibihugu vya Otrishiya n’Ubuswede.

Bavuga ko ivyo vyotuma impande zompi zishobora kwumvikana mu biganiro vy’amahoro bifise intumbero yo guhagarika ingwano imaze indwi zitatu. Vladimir Medinsky, umutegetsi mukuru ajejwe ibiganiro w’Uburusiya yatangaje mu gitondo c’uno musi ku wa kabiri ko abategetsi b’Uburusiya bari bashikirije ico ciyumviro.

Umuvugizi wa Prezida w’Uburusiya, Dmitry Peskov, yatangaje ko Uburusiya bwokwemera iciyumviro c’uko Ukraine iba igihugu kitagira aho gihengamiye. Ni mu gihe inteko z’Uburusiya zibandanya gutera amabombe mu bisagara vya Ukraine mu ndwi igira gatatu zitanguye ibitero muri ico gihugu. (AFP)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG