Uko wahagera

Ibitero vy'Uburusiya Birabandanya muri Ukraine


Abazimyamuriro bariko barazimya inzu y'amagorofa yo kubamwo inyuma ya roketi y'Uburusiya i Kharkiv, igisagara kigira kabiri, ca Ukraine, kw'itariki ya 14/03/2022
Abazimyamuriro bariko barazimya inzu y'amagorofa yo kubamwo inyuma ya roketi y'Uburusiya i Kharkiv, igisagara kigira kabiri, ca Ukraine, kw'itariki ya 14/03/2022

Abategetsi ba Ukraine bavuze ko abasirikare b’Uburusiya barashe ibisasu vya muzinga mu micungararo y’umurwa mukuru, Kiev, kuri uyu musi wa mbere. Ni mu gihe intumwa z’Uburusiya na Ukraine zagiye mu biganiro vyo ku ncuro ya kane.

Ibi biganiro, vyabaye hakoreshejwe ubuhinga bwa videwo, birasubira kuri uyu wa kabiri. Intumwa ya Ukraine muri ivyo biganiro, Mykhailo Podolyak yavuze ku musi w’Imana ko Uburusiya bwabumvirije ivyo basaba kandi ko ibiganiro vyari bitanguye gutangura kuvamwo ivyubaka.

Ariko hano biri uko, abategetsi muri Ukraine bavuga ko umuntu umwe yishwe igihe inzu yo kubamwo y’amagorofa icenda yaterwa bombe mu buraruko bwa Kiev kuri uyu wa mbere. Bavuga ko igisirikare c’Uburusiya carashe kandi ahahingurirwa indege ku murwa mukuru, ivyateye imbeya z’umucanwa mwinshi.

Ibi bitero bikurikiye iyindi misile Uburusiya bwateye kw’ikambi ya gisirikare ya Ukraine iri ku birometero 25 imbere yo gushika ku rubibe rwa Polonye, igihugu co muri OTAN. Abantu hafi 35 barishwe abandi 134 barakomereka mu gitero cabaye ku kigo mpuzamakungu co muri Ukraine kijejwe kubungabunga amahoro n’umutekano.

Haruhande y’ibi bitero, umuvugizi w’ubushikiranganji bw’imigenderanire muri Amerika, Ned Price, yavuze kuri uyu wa mbere ko Amerika iriko irabira hafi Ubushinwa canke ikindi gihugu coha Uburusiya imfashanyo iyo ari yo yose. Avuga ko vyoba biteye amakenga akomeye.

@AP, AFP, Reuters

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG