Uko wahagera

Amerika n'Ubushinwa mu Biganiro mu Gihe Rukigeranyeko muri Ukraine


Umuhanuzi muvy'umutekano mu gihugu muri Reta zunze ubumwe za Amerika, Jake Sullivan
Umuhanuzi muvy'umutekano mu gihugu muri Reta zunze ubumwe za Amerika, Jake Sullivan

Perezida wa Reta zunze ubumwe za Amerika Joe Biden yarungitse umuhanuzi wiwe muvy’umutekano i Roma mu Butaliyano kuganira n’umwe mu bategetsi bakuru b’Ubushinwa kuri uyu wa mbere. Uyu mubonano uje mu gihe Amerika yagiriza Ubushinwa ko bubandanya bujuragiza amakungu ku makuru atari ay’ukuri ku ntambara ibera muri Ukraine.

Mu ndwi iheze, perezidanse ya Amerika, White House yagirije Ubushinwa ko buriko burakwirakwiza amakuru y’ibinyoma avugwa n’Uburusiya ko ku butaka bwa Ukraine hari amaraboratware y’ibirwanisho vy’ubumara ahabwa imfashanyo na Reta zunze ubumwe za Amerika. Ariko Amerika irabihakana.

Perezidanse ya Amerika yavuze ko ibi biganiro hagati y’umuhanuzi muvy’umutekano mu gihugu Jake Sullivan hamwe n’umuhanuzi w’Ubushinwa muri poritike mpuzamakungu, Yang Jiechi uza gushimikira ku twigoro two kwumvikana ku kuntu ihiganwa muvy’ubutunzi kw’ibi bihugu rutura ryoba ata gucafuzanya. Baraganira kandi no ku ngaruka intambara y’Uburusiya muri Ukraine izogira ku mutekano w’akarere no kw’isi muri rusangi.

@VOA

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG