Uko wahagera

Uburusiya Bwateye Ikigo Kinini ca Gisirikare muri Ukraine


Igitero ca Misile Uburusiya bwagavye ku kigo gikorerwamwo imyimenyerezo ya gisirikare muri Ukraine cahitanye abantu 35 gikomeretsa 134. Ikigo citiriwe amahoro catewe ni co kinini mu bigo vya gisirikare muri Ukraine.

Ikigo catewe giherereye ku birometero 25 uvuye ku mupaka wa Polonye ku ruhande rwo mu burengero, no ku birometero 60 vy’igisagara ca Lviv abatari bake bacamwo mu guhunga. Benshi mu baserukira ibihugu vyabo muri Ukraine, abakorera amashirahamwe mpuzamakungu n’ibimenyeshamakuru biriko bikurikiranira hafi ingwano ya Ukraine n’Uburusiya babaye barimukira muri ico gisagara ca Lviv, gushika ino saha cafatwa nk'igitekanye.

Ikibanza catewe gikunzwe kandi gukoreshwa n’abasirikare b’ishirahamwe OTAN. Abategetsi ba Ukraine mu vya gisirikare bavuga ko bataramenya niba hari umusirikare wa OTAN yoba yahasize ubuzima canke yahakomerekeye. Igitero cakwozwe ku kigo ca gisirikare citiriwe amahoro ni co gitero gikomeye mu vyo Uburusiya bwagavye mu burengero bwa Ukraine. Ibi vyateye ubwoba bw’uko n’igisagara ca Lviv naco vuba cinjira mu ntambara.

Abadipolmate b’ibihugu vyo mu burengero basanga iki gitero ari kandi uburyo bw’Uburusiya bwo kubandanya kugabisha ibihugu vyarungikiye ibirwanisho Ukraine.

Hagati aho, amashirahamwe afashwa na Reta zunze ubumwe z’Amerika akorera mu burengero bwa Ukraine yagabishijwe ko umutekano w’ako karere utacizewe, gutyo abayakorera barimwo abakorera Lviv basabwa gukinjura bakaja ahandi.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG