Uko wahagera

Ukraine Yagiriza Uburusiya Gutera Ibitaro


Imodokari iriko irasha ahari ibitaro vy'abana vyatewe na bombe i Mariupol, Ukraine, kw'itariki 9/03/2022
Imodokari iriko irasha ahari ibitaro vy'abana vyatewe na bombe i Mariupol, Ukraine, kw'itariki 9/03/2022

Perezida wa Ukraine Volodymyr Zelenskyy yavuze kuri uyu wa gatatu ko igitero c’indege c’Uburusiya casambuye ibitaro vy’abana mu bumanuko bushira ubuseruko bw’igisagara Mariupol kiri ku kivuko. Yavuze kandi ko abana bisanze mu bibomagurike vy’amazu.

Uburusiya ntaco buravuga kuri ibi vyagiriji. Ariko bwama bwahakanye ko budatumbereza ibitero ku basivile mu rugamba burimwo muri Ukraine.

Umutegetsi akomeye muri Ukraine, Kyrylo Tymoshenko, yavuze ko abategetsi bariko baragezageza kumenya ibitigiri vy’aboba bahasize ubuzima canke bakomeretse.

Iki gitero ku bitaro catumye Perezida Zelenskyy yongera gusaba ishirahamwe OTAN gushiraho itegeko riziririza indege mu kirere ca Ukraine. Yabwiye abo muri OTAN ko bafise ubushobozi ariko ko basa n’abariko baratakaza Ubuntu.

Mu gatondo ko kuri uyu wa gatatu, Uburusiya bwatangaje ko butegekanya kwongera guhagarika kurwana kugira abasivile bashobore guhunga ibice bitari bike vya Ukraine biri mu minwe y’igisirikare c’Uburusiya. Ni mu gihe abategetsi ba Ukraine bagiriza Uburusiya kwongera gutera ibisasu mu mirongo y’abahunga mu bumanuko bw’igihugu.

Igisata ca ONU cita ku mpunzi, HCR, cavuze kuri uyu wa gatatu ko abantu imiriyoni 2.2 bamaze guhunga Ukraine. Abarenga ica kabiri bahisemwo guhungira muri Polonye.

Umushikiranganji wa Ukraine w’imigenderanire n’amakungu, Dmytro Kuleba na mugenzi we w’Uburusiya, Sergey Lavrov bategekanya guhura kuri uyu wa kane muri Turukiya kugira baganire kuri iki kibazo. Umushikiranganji Kuleba yavuze ko ahava asaba umubonano hagati ya Perezida Zelenskyy na Poutine.

@VOA, AP, AFP.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG