Uko wahagera

Ukraine n'Uburusiya Bumvikanye Korohereza Abahunga


abanya-Ukraine barundanye munsi y'ikiraro casambuwe barondera kujabuka uruzi Irpin mu micungararo wa Kiev, Ukraine, kw'itariki ya 8/3/2022
abanya-Ukraine barundanye munsi y'ikiraro casambuwe barondera kujabuka uruzi Irpin mu micungararo wa Kiev, Ukraine, kw'itariki ya 8/3/2022

Uburusiya bwatangaje ko buzotanga agahengwe k'intambara muri Ukraine ku musi wa gatatu kugira haboneke umuhora w’abasivile bahunga. Ibigo bitororokanya amakuru vy’Uburusiya vyatangaje ko ibi vyemejwe n’umurwi w’ubushikiranganji bwo kwivuna abansi mu Burusiya ujejwe kuganira na Ukraine kuri iki kibazo.

Umurwi wa mbere w’abasivile watanguye guhunga kuri uyu wa kabiri mu gitondo, cane cane abavuye mu gisagara ca Sumy. Abandi bahunze ni ababa hanze y’umurwa mukuru Kiev.

Ariko abagerageje guhunga igisagara ca Mariupol kirimwo ikivuko ntivyabakundiye mu misi iheze, aho Ukraine n’Uburusiya bagirizanya kutaborohereza.

Ishirahamwe mpuzamakungu ONU rivuga ko abamaze guhunga iyi ntambara bageze ku miriyoni zibiri. Polonye yonyene imaze kwakira umuriyoni 1.2 w’impunzi.

@AFP

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG