Uko wahagera

Abasirikare ba Ukraine muri Monusco Batumweko Kurwana Iwabo


Inteko za Monusco muri RDC
Inteko za Monusco muri RDC

Abasirikare ba Ukraine bo mu nteko za ONU ziri kubungabunga amahoro muri Repubulika ya demokarasi ya Kongo bari mu myiteguro yo gutahuka mu gihugu cabo gufasha mu rugamba kirimwo n’Uburusiya.

Ishirahamwe mpuzamakungu ONU ryavuze ejo kuwa kabiri ko Ukraine ari yo yabisavye. Aba basirikare bari mu bashika 250 bacumbitse mu gisagara ca Goma, bo mu nteko 15.000 ONU ifise muri RDC. Ku cicaro ca ONU i New York, umuvugizi wa ONU yashimye intererano y’abo basirikare mu bikorwa vya ONU.

Goma ni igisagara kiri mu ntara ya Kivu y’uburaruko, mu buseruko bw’igihugu kandi ihana imbibe na Uganda n’u Rwanda, igice kimaze imyaka irenga 25 mu bwicanyi buterwa n’imihari yitwaje ibirwanisho.

@AFP

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG