Uko wahagera

Perezida Poutine Yemeza ko Hakiri Icizere co Guhagarika Intambara


Perezika Poutine n'umunyamabanga mukuru wa ONU, Antonio Guterres
Perezika Poutine n'umunyamabanga mukuru wa ONU, Antonio Guterres

Perezida w’Uburusiya Vladimir Poutine yabwiye umunyamabanga mukuru wa ONU kuri uyu wa kabiri ko agifise icizere ku biganiro vyorangiza intambara burimwo muri Ukraine. Antonio Guterres yagendeye Uburusiya kuri uyu wa kabiri.

Perezida Poutine yizeye ko naho intambara zikibandanya, hashobora gusinywa amasezerano biciye mu nzira za diporomasiya. Poutine yemeza ko utwigoro tw’ibiganiro na Ukraine twahagaritswe n’ubwicanyi abasirikare biwe bagirijwe mu gisagara ca Bucha, hanze y’umurwa mukuru Kiev. Kubwa Perezida Poutine, Uburusiya nta ruhara bufise muri ubwo bwicanyi kandi avuga ko azi uwateguye ubu bubeshi, uburyo bwakoreshejwe hamwe n’abantu barementanije ico kinyoma.

Mu biganiro bimaze kuba, Ukraine yasavye ko haba amasezerano mpuzamakungu aho ibindi bihugu bizoyemerera kuyicungerera umutekano. Ukraine kandi izoca yemera ko itazokwifatanya na OTAN no kwakira amakambi y’abasirikare mvamakungu, ikemera kuba ataho yegamiye kandi ata kirwanisho ca Nikereyeli izotunga.

Umuvugizi w’umukuru wa ONU, Stephane Dujarric yavuze ko Perezida Poutine yemeye ko ONU na Croix Rouge bakorera hamwe mu gukura abasivile bazibiriwe mw’ihinguriro ry’ivyuma ry’i Azovstal, mu gisagara ca Mariupol.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG