Uko wahagera

Uburusiya Buvuga ko Bwatsinze Urugamba mu Gisagara ca Mariupol


Igisagara ca Mariupol muri Ukraine
Igisagara ca Mariupol muri Ukraine

Prezida w'Uburusiya, Vladimir Putin yatangaje ko yatsinze urugamba mu gisagara ca Mariupol mu gihugu ca Ukraine. Prezida Putin yatangaje uno musi ku wa kane ko ico gisagara cabohojwe inyuma y’uko cugarijwe n’inteko ziwe mu kiringo kigera ku mezi abiri. Ivyo n’aho inteko amajana n’amajana za Ukraine ziciyugaraniye mu gice kirimwo amahinguriro y’ico gisagara.

Prezida Putin yabwiye umushikiranganji ajejwe kwivuna abansi, Sergei Shoigu, ko yaheraheje urugamba rwiwe rwo guhabuza igisagara ca Mariupol. Yamukeje kuri iyo ntsinzi yiwe, akaba yamusavye gushikiriza ubwo butumwa inteko ziwe.

Putin yatangaje ko atabona ko kwinjira muri ico gice inteko za Ukraine ziyugaraniyemwo bikenewe. Yasavye inteko z’igihugu ciwe kuzibira ako karere kose kugira ntihagire n’umwe ahasohoka.

Ivyo bimuhaye akaryo ko gutangaza intsinzi ikomeye ya mbere y’inteko ziwe kuva zitujijwe mu buraruko bwa Ukraine mu kwezi guheze. Umuhanuzi wa prezida wa Ukraine, Oleksiy Arestovych, yatangaje ko inteko z’Uburusiya zidashobora gufata ikibanza ca Azovstal kirimwo amahinguriro. Ngo zaratakaje abantu batari bake. Amenyesha ko inteko zabo zibandanya kurwana. (Reuters)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG