Uko wahagera

Uburusiya Bwagavye Ibitero Bishasha kuri Mariupol


Ibiduga vy'intambara vy'Uburusiya hafi y'igisagara ca Mariupol
Ibiduga vy'intambara vy'Uburusiya hafi y'igisagara ca Mariupol

Uburusiya bwagavye ibitero bishasha kuri uyu wa gatatu mu gisagara ca Mariupol kiri ku kivuko. Ni mu gihe abategetsi bo muri ico gisagara bariko baragerageza guca umuhora kugira abagore, abana hamwe n’abageze mu za bukuru bahungire mu gisagara ca Zaporizhzhia kigenzurwa na Ukraine.

Uburusiya bwateye amabombe ahari ihinguriro Azovstal ry’ivyuma, ahagotewe abarwanyi ba nyuma ba Ukraine, inyuma yo kwanka kumvira akamo batewe n’Uburusiya ngo bashire ibirwanisho hasi kandi bishikane.

Abantu barenga 100.000 ni bo bakekwa kuba bakiri mu gisagara ca Azov kiri ku nkengera y’ibahari. Imbere y’uko Uburusiya buhatera, iki gisagara cabamwo abantu 400.000.

Uburusiya bugereranya ko ibihumbi bike vy’abasirikare ba Ukraine bakiri muri iryo hinguriro ry’ivyuma.

Urugamba rwo kwigarurira Mariupol ni rumwe mu bitero Uburusiya burimwo bugamije kwigarurira igice c’ubuseruko bwa Ukraine kivugwamwo Ikirusiya. Niho hari ubutare bw’ibizuku, hamwe n’amahinguriro y’ivyuma biremereye kandi hari umutima w’ubutunzi bwa Ukraine.

Ariko Ukraine, yifashishije ibirwanisho iheruka kurungikirwa na Reta zunze ubumwe za Amerika hamwe n’ibihugu vyo muri OTAN, yiyemeje kurwana gushika ku musirikare wa nyuma kugira iyo ntara ntiyigarurirwe n’Abarusiya.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG