Uko wahagera

USA Yatanze Miriyoni 800 zo Gufasha Ingabo za Ukraine


Ifoto ya Prezida w'Amerika n'uwa Ukraine
Ifoto ya Prezida w'Amerika n'uwa Ukraine

Prezida wa Reta zunze ubumwe za Amerika Joe Biden, yatangaje izindi miliyoni 800 z'amadolari y'imfashanyo ya gisirikare iginewe igihugu ca Ukraine. Ayo mafaranga yiyongera ku yandi yari amaze gutangwa imbere yaho agenewe gufasha Ukraine kwivuna inteko z’igihugu c’Uburusiya mu ntara ya Donbas iri mu buseruko bw’igihugu.

Prezida Biden avuga ko ibirwanisho bizorungikwa ku rugamba inteko za Ukraine zirimwo rw’ukurwanira ubwigenge muri ako karere. Reta zunze ubumwe za Amerika n’ibihugu bicuditse biriko bigerageza kwihutisha mu buryo bwose bushaka ivyerekeye Ukraine ibirwanisho n’ibindi bikoresho ikeneye. Prezida Biden avuga ko bageze mu gihe gihambaye c’intambwe ikwirikira y’ingwano muri Ukraine.

Amenyesha ko imfashanyo nshasha ya reta yiwe izotuma ibirwanisho bibandanya kurungikirwa Ukraine mu kiringo c’indwi ziri imbere. Iyo mfashanyo irimwo ibirwanisho bikomakomeye nka vya muzinga, n’ibindi bimodoka vya blinde, amasasi hamwe n’indege zitagira abadereva bita drone. Yiyongeye ku yindi mfashanyo y’imiliyoni 800 yari yatangajwe mu ndwi iheze. (AFP)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG