Uko wahagera

Amerika Yemereye Ukraine Izindi Mfashanyo za Gisirikare z'Imiliyoni 800


Abasirikare ba Ukraine bariko baratekurura misile zatanzwe na Amerika ku kibuga c'indege c'i Boryspil hanze ya Kiev, Ukraine, kw'itariki ya 10/02/2022
Abasirikare ba Ukraine bariko baratekurura misile zatanzwe na Amerika ku kibuga c'indege c'i Boryspil hanze ya Kiev, Ukraine, kw'itariki ya 10/02/2022

Reta zunze ubumwe za Amerika yavuze kuri uyu wa gatatu ko igiye kurungikira Ukraine ibindi birwanisho, amasasu hamwe n’izindi mfashanyo mu bijanye n’umutekano bifise agaciro k’imiriyoni 800 z’amadolari. Amerika ivuga ko ari ugufasha Ukraine kwivuna ibitero vy’Uburusiya mu buseruko bw’igihugu.

Perezida wa Amerika Joe Biden yabwiye perezida wa Ukraine Volodymyr Zelenskyy ko hari ibikoresho bishasha bigiye kurungikwa vuba. Mu gihe Uburusiya buriko butegura kwongereza ibitero mu ntara ya Donbas, Perezida Biden yavuze ko Amerika izobandanya guha Ukraine ibikenewe kugira yirwaneko.

Iri tangazo rya Perezida Biden rije ku musi nyene abaperezida bane bagizwe n’uwa Polonye, Lituwaniya, Latviya na Estoniya, bose bo muri OTAN, bagendeye umurwa mukuru Kiev. Bagiye kwerekana ko bashigikiye Ukraine. Ni inyuma y’umusi umwe kandi Perezida Poutine atangaje ko agiye kubandanya intambara kugeza aho izorangirira.

Umukuru w’igisata kijejwe imfashanyo muri ONU, Martin Griffiths, aheruka kugendera Uburusiya na Ukraine, arondera ko intambara ihagarara. Ariko umunyamabanga mukuru wa ONU, Antonio Guterres yabwiye abamenyeshamakuru kuri uyu wa gatatu ko bisa n’uko iyi ntambara itagiye guhagarara vuba.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG