Uko wahagera

Uburusiya Bwarakoresheje Ibirwanisho Vyicisha Imyuka y'Ubumara muri Ukraine?


Ukraine iriko irasuzuma amakuru avuga ako Uburusiya bwoba bwakoresheje ibirwanisho vyicisha imyuka y’ubumara mu gisagara ca Mariupol kirimwo ikivuko kiri mu bumanuko bw'igihugu.

Icegera c’umushikiranganji ajejwe kwivuna abansi wa Ukraine, Hanna Malyar, yatangaje ko Reta iriko iratohoza ayo makuru ataremezwa icese.

Prezida wa Ukraine, Volodymyr Zelensky, ejo ku musi wa mbere, yavuze ko Uburusiya bushobora gukoresha ibirwanisho vyicisha imyuka y’ubumara mu gihe buriko bukoraniriza inteko zabwo mu karere ka Donbas, mu mugambi wo kwitegurira ibitero bishasha ku gihugu ciwe. Yamara ntiyemeje niba ivyo birwanisho bimaze gukoreshwa koko.

Reta zunze ubumwe za Amerika n’Ubwongereza vyatangaje ko biriko biragerageza gutohoza amakuru avuga ko vyoba vyarakoreshejwe.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG